JAYC TV

JAYC TV

Share

04/02/2026

🇨🇩 : MU Karere ka Minembwe Amarira ni yose inyuma y’ibitero vya 'Drones' vyatikije ubusho bw’inka muri Minembwe
_______________________________________________________

😭​Agahinda ni kose mu banyagihugu bo mu gace ka Minembwe, mu ntara ya Kivu y’Epfo muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo (RDC), inyuma y’ibitero vy’indege vyabaye kuri uyu wa kabiri.

👆🏼Ivyo bitero vyagabwe mu karere ka , bikaba vyahitanye inka nyinshi zibarirwa mu mirongo mu gihe izindi nyinshi zakomerekejwe n’ivyo bisasu.

🎙️​Uburongozi bw’Ishirahamwe ridaharanira Ivyicaro vya politike muri ako gace buriyamiriza bivuye ku mutima ivyo bitero vyibasiye ubutunzi bw’abanyagihugu.

🗣️Sebagabo Mufashi, arongoye iryo shirahamwe yamenyesheje ko izo nka zishwe ari iz’imiryango irenga itanu y’Abanyamulenge, kandi zishwe ziri mu biraro aho zisanzwe zirara. Yabajije n’agahinda kenshi ati: “Inka na zo zirazira iki?”

🪖​Naho igisirikare ca RDC (FARDC) gishirwa mu majwi ko ari co coba cagavye ivyo bitero vyo mu kirere, kugeza ubu nticari bwagire ico gishikiriza. Amakuru ava muri ako gace avuga ko igisirikare ca Leta cari ciyemeje gusubiza mu minwe yako gace ka Minembwe, gasanzwe kagenzurwa n’inyeshamba za Twirwaneho zivugwa ko zifatanya n’umutwe wa M23.


👉🏼​Amashusho ateye ubwoba y’izo nka zapfuye yakwirarwijwe ku mbuga ngurukanabumenyi,bituma abantu benshi n’amashirahamwe y’Abanyamulenge baba hanze ya RDC barushiriza kwiyamiriza ubwo bwicanyi bw’ibitungwa babona ko ari uburyo bwo guhungabanya abanyagihugu babaho batunzwe n'ubworozi.

Want your business to be the top-listed Media Company in High Point?
Click here to claim your Sponsored Listing.

Telephone

Address


2117 Wingate Place
High Point, NC
27260

Opening Hours

Monday 8am - 5pm
Tuesday 8am - 5pm
Wednesday 8am - 5pm
Thursday 8am - 5pm
Friday 8am - 5pm
Sunday 8am - 5pm