Poutine Burundi
20/05/2024
: indege ya kajugujugu yari itwaye President wa İran “ Ebrahim Raisi “ hamwe nabandi batagetsi, nyuma yaho ikoreye isanganya, ubu vyamaze kumenyemana ko atanumwe yarokotse mubo vyari birikumwe bose bapfuye.
Amatohoza arabandanya gukorwa hamenyekane vyukuri icateye iyo sanganya y’indege ya kajugujugu.
20/05/2024
🌐🟡⚫Mandat ya Zelensky yarangiye
Uyu mwanya turiko twandika aya majambo, Voledymr Zelensky asigaranye amasaha 24 ngo azobe akiri umukuru w'igihugu imbere y'amategeko asanzwe. Ariko kuberako igihugu catewe n'abagizi ba nabi amategeko y'intambara aramwemerera kuguma atwara gushika yikuye abansi canke habaye agahengwe
Mu burusiya bavuze y'uko ivyo ataco bivuze, ibitero bidasanzwe biraza kubandanya. Abanyaburaya nibo bahangayitse kubera ko icizere c'abategetsi ba Ukraine cakorotse cane. Inzego z'ubutasi zo hanze zivuga ko Zelensky asigaranye icizere17%. Ngo n'abasirikare bamuri inyuma hasigaye 20%. Abanya Ukraine 70 % ntibacizera ibinyamukuru vyabo, abatari bake bipfuza guhunga kubera umukazo. Kuri ivyo hiyongerako ko igihugu camunzwe n'igiturire
Yamara Ukraine yaraye ikoze ibitero muri Belgorod, Koursk na Loughansky. Muri Loughansky yakoresheje missiles Scalp z'abafransa. Abantu batanu barakomeretse
Uyu munsi kandi niho uburusiya bwafata Marioupol yari yarabaye umusaka. Barayubatse isigaye ari ikirezi. Raba Ifoto ya gatatu
Ukrainianconflict
Click here to claim your Sponsored Listing.
Category
Website
Address
Москва, Кремль
Moscow