New generation Kings
🇧🇮🇧🇮 3 vya .
Gira 👉👉
New generation Kings
05/18/2026
🔴🇰🇪 : abantu 225 bafashwe mu myiyerekano ijanye n'iduga ry'ibiciro vy'ibitoro
🚌 🏍️ Abanyagihugu bo mu bisagara bitandukanye vya Kenya bagizwe ahanini n'abunguruza abantu n'ibintu kunmapikiliki bazindukiye mu myiyerekano. Mu gace ka Kitengela, kari mu bumanuko bw'umurwa mukuru Nairobi, abiyerekana barimwo urwaruka "Gen-Z" baturira amapine mw'ibarabara bongera bazibira imodoka yose yocaruka.
⛽ Abari mu myiyerekano bavuga ko "biyamiriza ubu*ima bu*imvye buturutse kw'iduga ry'ibiciro vy'ibitoro, vyavuye ku mashiringi ya Kenya 206.97 bija ku 214.25 kuri "essence", amazutu nayo ava ku mashiringi 196.63 aja ku 242.92 Ksh." Bati : "Dushaka ko Reta iva mu majambo ikabishira mu ngiro. Umukuru w'igihugu twe tubona umengo araduhenda".
👉🏿 Iyo myiyerekano yahavuye isa n'iyinduka iyo kwiyamiriza prezida William Ruto, aho mbere bamwe mu majambo bagenda baravuga ari uko "Ruto afise ikiringo kimwe" (one term). Ni mu gihe biboneka ko azokwitoza mu mwaka uza w'2027. Mu bisagara bitandukanye, abaja ku mirimo ntibaronse uko bagenda, amashure n'ibindi bibanza vyari vyugaye.
👮🏿♂️Umukuru w'akarere k'igipolisi i Nairobi Issa Mohamud yavuze ko abaporisi 6 bakomeretse, imiduga itanu y'igiporisi irononwa harimwo n'iyatwawe n'umunyagihugu.
✍🏽 Iyo ntwazangabo mu giporisi igira iti : "Abafashwe tuzobahasha bikomeye. Ntituzokwemera ko inkozi z'ikibi zizibira ibibanza rusangi hanyuma zonone ibintu". Aha yerekana ko kwugara amabarabara no kuburabuza imirimo hamwe n'ubukozi bw'ikibi bitagabanya ibiciro vy'ibitoro, ahubwo bisubiza inyuma ubutunzi bw'igihugu.
05/18/2026
Inyamiramabi baguma barikanuye.
05/18/2026
Intare mw'ishamba ryayo 🇧🇮
Click here to claim your Sponsored Listing.
Category
Telephone
Address
Quebec, QC