EASE Burundi
23/02/2026
Église des Amis du Saint Esprit ...........................................
IJAMBO RY'IMANA RYO KUWA 22/2/2026 RYIGISHIJWE NA APOTRE Ida NDAYISHIMIYE
Abanyefeso 5:14
Mu bihe vya pasika dukwiye kugaruka muguha agaciro, urukundo rw,lmana tugaragarizwa n,urupfu rwa yesu kristo.
Pasika iduha kwiyumvira ingene twari tumeze tutaramenya kristo .
Tugomba gupfa kucaha kugira dushikire kukumenya no gutahura ivyo kristo yakoze.
Igihe ca pasika turakanguka tukibuka ko ivyo turimwo atari vyiza maze tugahindukirira lmana tugaca bugufi kugira twibuke uwadukunze akadupfira tutari beza.
Tugomba kwanka kuba abagurano baganzwa na kameremere maze tukaba abakristo b,ukuri baganzwa na Mpwemu yera.
Umu kristo apfuye kuri kameremere nta mashi y,abantu aba agikeneye kuko wewe aba yifuza gushimisha lmana gusa.
Hariho ingero zitatu umuntu acako kugira ashikire gupfa muri kristo tuzozigura neza kumunsi w'Imana uza.
Abaroma 6:5-6
Igihe washoboy kunesha kameremere kawe urashirwa hejuru
Abaroma 5:10
Nutanezererwa lmana, umenye ko hariho urugezo rwo gupfa utarashikako
Umunsi w,lmana mwiza
16/02/2026
Église des Amis du Saint Esprit
La parole du jour annoncée par apôtre lda NDAYISHIMIYE
Thème :kunagura kuganza
Kuganza bifise ibiciro vyinshi kuko ntibihera bibaho ubuzima bwacu bwose
Kugira ushobore kuganza kandi bisaba ubushobozi bukomeye gose,kuko bisaba ko ugumana izo mbaraga umwanya wose
Igituma bisaba ubushobozi bwinshi nuko hariho isi y,impwemu ya satani habaho ndetse isi y,impwemu y,lmana aha bisaba ko uba warikiriye Umwami kugira ubashe kuganzanya nawe
Ivyo vyose kandi dufise uwo tubirabirako ariw yesu ,uyoo yatubereye akarorero keza ndetse aca aduha n,ubwo bushobozi
Intamwe zituma uganza nizi kandi ari nazo zabashishije yesu kunesha no kuganza:
1.gusenga
Gusenga reroo k,umwana w,lmana ntabwo ari amahitamwo ahubwo ni itegeko ibihe usenga kandi b**aragaza ibihe uganza
Gusenga ni ubuzima bwa minsi yose,Gusenga ni guhema igihe Uri umukristo udasenga ivyo kuganza ukure mu mutwe
Ubushoboz buruta ubundi bwose ni kugumana inyota yo gusenga
Ugusenga niki?
Ni amababa atwara ivyo uriko uravuga,
Gusenga gucira inzira lmana b**atuma ikora ivyo yashaka gukora
1tessaloniciens5:17
Luc18:1
Luc21:34
Ephesians 6:18
Gusenga ni ukwihererana n,lmana aho atanumwe akubona donc wewe n,lmana
Psaume 116:2
Acte 2:34-35
Muvyo wimenyereza nubwo bigoye ni gusenga ntukabure umwanya wo gusenga buri munsi gusenga vyima akaryo satani kuri wewe
Urinde umutima wawe ivyotuma uremerwa maze ngo bitume udasenga ,
Niwasenga uzogira umutima uremurutse,
Ucunge imbaraga zawe zo gusenga kugira ushobore kuganza murino si
Umunsi w,lmana mwiza kuri mwese
01/02/2026
Église des Amis du Saint Esprit .
IJAMBO RY'IMANA HAMWE NDIRAKUBAGABO Pasteur ÉTIENNE
...................................................................................................................................................................................................
Thème :KUBONA IMANA
1samuel 22:1-5................................................................................................................................
Twese turabona Imana mungero zitandukanye,ariko uyu munsi ndashaka turabire hamwe kubona Imana ubwawe nk'uko mariya magadelena yavuze ati:jewe nabonye umwami yesu,canke yampumyi ikavuga iti:muvuge ivyo mushaka ,jewe nziko ari umuvugishwa n'Inama. ndavuga kubona Imana kandi biciye mu mukozi w'Imana nk'uko Elisha yayibonye biciye muri Eliya, abakene, n,abanyamadeni,n'abagowe bakayibonera mugukwirikira uwasizwe n'Imana umwami Dawidi.
Ugomba kubona Imana kuburyo ata kintu nakimwe coguca intege kuko harico wiboneye kuriyo ubwawe.wabonye n'amaso yawe ivyo ikoresha Mosi wawe ,ndavuga umuvyeyi w'impwemu.
1Abami2:3.............................................................................................................................................
Imana iracisha umugisha ku mukozi w,lmana hama ugashikira abantu b,lmana
Arico gituma washaka gusaba mpwemu w,lmana ngo aguhishurire kugira tumenye amahame atuma tuja mu mugisha.Elisha niwe yahishuriwe Eliya akamwita Dawe(papa) 1 Abami 2:12.abandi barikumwe b**a ivyo kuvugishwa bamwita databuja 1Abami 2:3.Elisha yagize umugisha kubwo guhishurirwa umukozi w'Imana Eliya.
Ikintu cose ugomba gikenera ikiguzi kandi igihe kimwe uzobona lmana yabikoze
Kuko twese lmana iragomba kwihesha icubahiro kubw' intahe zacu.
1Abitesaronike 2:19-20..........................................................................................................
Icubahiro c,umukozi w,lmana nukubona ko intama ziwe zimerewe neza ,zahezagiwe,zagize umungisha mu mpande zose, apana kwihaya ngo ndya neza,mba mu nzu nziza,nfise imodoka nziza,oya umuneza w'umwungere n'ukuvyubuha kw'intama kandi zakuze mumpwemu.
Abanyefeso 6:2-3...............................................................................................................................
Abavyeyi nabo tugomba kububaha nabo bari mubotuma tubona lmana kuko kandi bituma tuba amahoro kandi tukaramba kuko dushize mungiro ic,lmana yavuze
2 Ingoma20:20..........................................................................................................................
Itsinzi yose kandi dushaka kugerako dushaka kumvira abahanuzi nka Dawidi yumviye Gadi na Natani agatsinda intambara zose.kandi abamugiye inyuma bose bagahindurirwa amateka kubw'amavuta yari kuri we.bahindutse abakuru n'abatunzi kuko Dawidi yarafise amavuta kandi akumvira Imana.
Uyu munsi twebwe
Umwami dukorere yaramaze kwima ivyo dusabwa ni ukumukorera,tukamwamamaza kubatamuzi, kandi yatwemereye kuduhemba mu buryo ndengakamere.
Dukomez kwatura ivyizigiro vyiza.kuko uwasezeranye aruwo kwizera no kubikora izobikora
Amen.turabashimiye cane
25/01/2026
Dimanche le 25/1/2026
Église des Amis du Saint Esprit
Ijambo ry,lmana hamwe n,lntumwa lda Ndayishimiye
Thème :IMANA INAGURA IMYAKA(ishumbusha imyanya myiza tuba twarataye)
Ivyakozwe n,intumwa 3:21
Dukwiye gukorera lmana gushika aho inagura ibihe vyose twatakaje.
Yeremiya 29:10
Yoweli 2:25
Ugomba kumenya ko imyaka y,impfagusa ibaho bishobora kuva kuri Satani canke ku Mana
Umukiza duhurirako twese n,lmana kuko niwe afise ibidukwiye abandi Bose bafise ivyabo ari naco gituma tugomba kurondera Imana gushika aho isohoza amasezerano yawe.
Imyaka yariwe n,inzige yapfuye ubusa izoyidushumbusha ariyo mpamvu ugomba kuba umuntu uvyutse kugira ukanguke witege gushumbushwa.
Imana itanga kuramba kugira igusubize imyaka kugira ubandanye kuyikorera
Itanguriro47:8-11
Ugomba kumenya ibituma imyaka yawe ihera niyo mpamvu ugomba gukunda gusenga
Guharura 14:33
Wirinde mu Mana utandukane nivyo yanka kugira agukize imyaka yawe yapfuye ubusa
Umunsi w,lmana mwiza,turabashimiye cane
Click here to claim your Sponsored Listing.
Category
Contact the place of worship
Website
Address
Avenue DU MARCHE
Rohero
Opening Hours
| Wednesday | 17:00 - 19:00 |
| Friday | 17:00 - 19:00 |
| Sunday | 09:00 - 12:30 |