CNL Inyankamugayo
07/05/2024
🔴 Kenny Claude Nduwimana asigaye ari mu bitwa "Abansi b'igihugu" !
Iyi sanamu yafashwe ejo haheze kuri Sentare nkuru ya Mukaza aho Kenny Claude Nduwimana yari yarengukijwe. Kenny yahamaze akanya gato aca ahabwa isango yo mu kwezi kw'indwi kuza.
Kenny Claude Nduwimana yahagaritswe n'iperereza ry'Uburundi muri nyakanga 2023. Inyuma, Lieutenant-Colonel Petero Nkurikiye, asanzwe avuga ku madosiye y'iperereza, harimwo n'amarementanya atari make, yamenyesheje ko Kenny Claude Nduwimana na Médard Muhiza bahagaritswe ku vyaha bikomeye, harimwo gucafuza ishusho y'igihugu, kwambika ibara abategetsi b'Uburundi, gutanga amakuru y'ibinyoma bakoresheje imbuga ngurukanabumenyi, gukoresha uruyeri mu kwiba abantu. Ejo yasomewe ivyaha bitatu birimwo guhungabanya umutekano w'igihugu, gutyoza abategetsi no gukwiragiza amakuru y'ibinyoma.
Inyuma y'amezi indwi ahagaritswe, Kenny Claude Nduwimana ejo niho yari kuburana imbere y'abacamanza. Ariko ntiyabaye akiburana kubera mugenziwe basangiye dosiye atari yitavye ubutungane.
🔴 Icigwa c'ubuzima...
Kenny Claude Nduwimana yamamaye mu kiringo ca gatatu ca Nkurunziza, aho yadutse akora ibiganiro vyo kubiba urwanko. Abagwanije ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza nta bitutsi atabashizeko, bamwe abambika ivyaha vya kahise vyabaye bataravuka canke bakiri abana bato cane. Mu nyuma yatandukiriye gutuka ubwoko bw'abatutsi abagereranya n'imbwa. Urwo rwanko rwamuhaye kuba "umumenyeshamakuru" w'akarorero muri "CVR ya Ndayicariye" mu gihe kitari gito.
Ubutegetsi bwa Prezida Ndayishimiye ntibwamereye. Mu ntango iyo migenderanire ya be na CVR yari ikomeye, ariko gahorogahoro atera aja mu matati na Colonel Alfred Innocent Museremu yatwara iperereza mu gihugu hagati. Uyo nawe yarica agakiza mu ntango y'ubutegetsi bwa Ndayishimiye. Nuko Kenny Claude atangura kuza arinjira mu busho bw'iperereza. Kuri runo twaranamutabarije, aca asohoka adutuka kugira yereke abantu ko twabeshe atawamukozeko, ahubwo akiri igihangange mu gutuka abatavuga rumwe n'ubutegetsi.
Ifatwa rya Kenny Claude Nduwimana muri nyakanga 2023 ririmwo igipfungu cinshi. Yoba yafashwe kubera hari ibikorwa yari yasabwe na bamwe mu bakozi b'iperereza aravyanka. Kenny Claude yanafashwe asanzwe atumvikana na bamwe mu bajejwe intwaro bariko baranyaga amatongo abanyagihugu mu Buterere. Kenny Claude asanganywe kandi amatati na Colonel Museremu yagiriza ko yamwivye ibikoresho vyo kumenyesha amakuru birenza imiliyoni 40.
Kenny Claude Nduwimana we aremeza ko ariko ararenganywa muvyo yagirizwa vyose. Uyu musi aranakeneye ko abo yahoze yambika ibara bamutabariza. Ntidufise umuco ukwiye ku vyo yagirizwa kugira tumenye ko yoba arenganywa koko. Ubundi, ivyo yari gushobora gukurikiranwako sivyo bimupfunze. Ibohero rya Mpimba ririmwo n'imiburiburi abantu batatu bagirizwa ko banka abahutu canke batutse abahutu, kubera ubutumwa baba barungikiye abagenzi babo canke banditse mu ma groupes Whatsapp. Kenny Claude Nduwimana we yarihaye ikiringo kitari gito asohora inyigisho zigisha kwanka abatutsi, zibagira ibikoko, zibuza kwivanga nabo canko kwubakana nabo, ariko ivyo ntivyigeze vyitwa ivyaha kuko yavuga ivyo abategetsi bashaka. Ibara yambitse abaharanira agateka ka muntu na bamwe mu batavuga rumwe n'ubutegetsi nka Hon. Agathon Rwasa, ivyo ntaco bitwaye mu butegetsi bwa CNDD-FDD.
Uko Kenny Claude Nduwimana abivuga bibaye ari ukuri, ivyaha ariko aragirizwa bishobora gusa n'irementanya nkuko iperereza ryama ryabikoreye abandi benshi. Mu myaka iheze, twerekanye amabi iperereza rikora, Kenny Claude Nduwimana yadufata nk'abansi b'igihugu bakwiriye kwicwa. Ntiyari azi ikibi c'akarenganyo : uko kamenyererwa kakaba ingendo y'igihugu niko atawe gasiga, no mu bakavyina. Ba Kenny Claude Nduwimana basigaye, bavyina iyo bumvise uwerenganywa boba bangana gute ? Hano twama twabivuze : ntuze ukome amashi ngo harenganijwe uwo mutiyumvira kumwe, canke uwo mudasangiye ubwoko ; ubwo butungane budasoma amategeko ejo buzosya wewe, kandi uwo musi ushobora kubura abagutabariza kubera washigikiye ko abatabariza bahona !
🔴 Ico nipfurije Kenny Claude Nduwimana nuko atorenganywa na gatoya. Ubutungane nibureke gukwega amaguru, nimba yera yezwe, abaye yarakoze icaha koko naho acibwe urubanza ruhuye n'amategeko.
📸 Ifoto ya SOS Media Burundi
Sangwa CNL na kizigenza w'inyankamugayo
26/08/2023
After several betrayals committed by , here is the rest of his life.
We had new information from the house where his office of GASEN PETROLEUM GROUP AFRICA LIMITED BURUNDI s.a. was. They handed it over in a hurry and left like a thief with all the office equipment that was lent to him.
06/07/2023
HABIMANA Metus yafotowe ifoto na YIGENGA ariko arasuma udutumbura kw'ibarabara.
Click here to claim your Sponsored Listing.
Category
Website
Address
Kayanza
1111