SILVA

SILVA

Share

28/06/2026

🔴⚫️Ubu bushuhe turabikizwa n’iki?

Ici ryaturitse. Nta kabuza rizobamwo imiriro ya Nyakanga( si vyiza, irabujijwe). Abantu bazirekura, bate ibikoti n’ibipira bambare ibiremurutse. Ivyuma bitanga umuyaga, amazi mu ma boutiques bizogurwa ku bwinshi. Uretse ukwitamwo kw’impfu bihora biteza, abantu barabibamwo kandi bakabandanya imirimo

N’ubwo biri uko, ibihugu vya buraya birimwo France, Espagne, Italie, UK,... biriko birahura n’ubushuhe buteye ubwoba. Abantu 109 barapfuye mu musi umwe muri France. Aba biganjemwo abana n’abatama bariko bahitanwa n’ubushuhe buri hejuru ya 40°.

⁉️Ni gute twisanze aha hantu ?

🔴 Dôme de chaleur

Ibi n'urukirane rw'imiyaga ihurira muri Mediterannée igatekera ubushuhe muri anticyclones. Igihe kigeze bwa bushuhe bukavumbuka bukisuka ku migabane. Ibi n'ivyo bibaza ko vyabaye

🔴Jet stream

Ni imiyaga iva mu buseruko ija mu burengero. Bene iyo miyaga n'iyo ihora ibuza ingendo z'indege. Iyo yahuye biratuma ubushuhe kw'isi

🔴 El Nino( musome El nigno)

Iki mushobora kuba mucibuka. Caravuzwe igihe muri Africa y'ubuseruko habaye imvura nyinshi. El nino ijanye n'ubushe ikunze gufata Asia kurusha ibindi bice vyinshi

🔴Ibikorwa vya muntu

Ukwubaka ibisagara hakoreshejwe Asphalte, béton hamwe no guhonya amashamba bituma ibisagara bitekera ubushuhe. Kuri ivyo hiyongerako ivyuka bihumanya ikirere , ibishobora gutuma ku bushuhe busabawe hiyongerako 4°

Igihugu uherereyemwo vyifashe gute?

Mugire umusi w’Imana mwiza

26/06/2026

🔴⚫Ivyo tuzi gushika ubu kuri ntamugigima yabangamiye Venezuela

Venezuela yahuye nico bita . Ni kuvuga nyamugigima zibiri ziba mu mwanya wegeranye cane. Iza Venezuela zatandukanijwe n’amasegonda 39 gusa: imwe kuri magnitude 7,2 iyindi kuri 7,5

Inzu zarasambutse zirimwo ikibuga c’indege ca Caracas. Abantu 255 nibo bamaze kumenyekaja bapfuye, abarenga 4000 barakomeretse, benshi baraburiwe irengero

Caracas, Aragua, Miranda, Carabolo, Falcon ni two turere twabangamiwe cane

Vatican yihutiye gutanga imiriyoni 100 z’ama dollars hamwe n’abakorerabushake baja gufasha. Trump nawe nyene yemeye ko baza gufasha ico gihugu. Ibindi bihugu vyiteguye gufasha ni Colombie, Brésil, Canada, Allemagne, Suisse

Mu makuru yacu yo hanyuma turagaruka ku bintu bitera nyamugigima

Mugire ibihe vyiza

Want your business to be the top-listed Media Company in Dubai?
Click here to claim your Sponsored Listing.

Telephone

Address


Dubai