ALL PEACE
liste de France
07/05/2026
🔥 Gushika ubu, umuriro wadutse hafi isaha zitatu z'agatondo nturazima, abadandaza bariko barahungisha ibintu
✍🏾 Inyuma y'umuriro wadutse kw'isoko yo mu Kinama, abajejwe umutekano bahash*tse ku bwinshi, abo mw'ishirahamwe ritabara imbabare Croix Rouge baje gutabara, imodoka yo kuzimya umuriro niho iri ariko vyanse ko umuriro ugabanuka, ahubwo uguma wihereza izindi mpande.
💁🏾 Bamwe mu badandaza bahari bavuga ko umuriro babonye waduka mu ruhande rudandarizwamwo amavuta, hanyuma ubandaniriza ku zindi mpande, harimwo aho badandariza amasakoshi, ibirato, n'impuzu. Nk'uko babivuga, nta muyagankuba usanzwe uhari ngo bibaze ko woba wadutse ku ntsinga. Hariko haraza izindi modoka za kizimyamoto kugira zifashe.
👉🏾 Abajejwe umutekano bakaba bariko baragerageza gucunga kugira ntihagire abinjira gusahura, badasanzwe bafiseyo ibintu canke ngo bahagirire isanganya. Ariko, naho biri uko, hari abidoga ko bashobora kwibwa kubera hari ahinjirana bose.
📌 Abo ku ruhande rutarashikirwa bakuyeyo ibintu vyabo ubu bikaba biri mw'ibarabara. Tubandanya tubikurikirana.
Cliquez ici pour réclamer votre Listage Commercial.
Type
Adresse
Paris
PARIS