Burunga

Burunga

Share

07/05/2026

: Uyu mutama yakomorewe itongo ryiwe ryanyazwe n'Ikambi ya gisirikare ya Mukoni 1972.........................................................
N'umutama Gatoto Bakari Abed yari yaronse itongo ryiwe mu 1964, aca arahunga murwimo rw'1972.

Iryo tongo ryiwe riri ku mukoni ripima imetero 100/120m ikambi ya gisirikare ya Mukoni imaze gushingwa ngaho mu 1978 ryaciye ryimura Sebugomba Sylvestre rimushira muri iryo tongo 1986 kugira ntabane n'ikambi, rimuhenze ko ari ikibanza c'ikambi.

Gatoto Bakari Abed nawe yahungutse mu 1977, ntiyubahutse kuvuga kuko yatinya kuburanya ikambi, kuko n'abasirikare b'ico gihe ngo bari mubamutoteje, kandi ngo yaranatewe ubwoba ahitamwo gukiza agatwe arinumira.

Niko guca yitura umurwo CVR. Ikambi n'umushingwamanza wa Reta bavuga ko ico kibanza cegukira ikambi, arico gituma bagitanze. Bashikirije kandi ko urwo rubanza CVR itorwakira kuko rutayiraba. Urupapuro rw'ubuguzi rwa Gatoto bavuga ko arurwamagendo, ariko umurwi CVR wo wasanze umushikirizamanza w'ico gihe yaremeje urwo rupapuro.

Ariko muri CVR ho bzvuga ko basanze ruhuye n'ubwicanyi bw'1972, kandi ko ikambi atabubasha rifise bwo guha itongo umunyagihugu numwe.
Kur'ivyo, Umuryango wa.Nzorirenga Jawabu wari wahawe itongo n'ikambi WAHEBUJWE
Nayo uwa.Gatoto Bakari Abed, WAKOMOREWE itongo ryawo.

Photos from Burunga's post 05/05/2026

: Umugabo yaburanya komine ko yamunyaze itongo risiga se 1972, n'imiryango itandatu y'Abatutsi yaribamwo yahawe na komine, umurwi wamuhebuje ..............................................
Ni Nzirorera Alexi, umusigwa wa Rurerekanan Janvier wo mu gacimbiri Kigabiro zone Gashikanwa, yituye umurwi CVR ngo umukomorere itongo ubu ryubatsemwo komine, aho avuga barinyaze se mu 1972 ko kandi yari yaritsindiye mu murwi Ngozi.

Komine Gashikanwa yari yahaye amatongo abanyagihugu batandatu ibakatiye kuri iryo tongo yo yavuga ko ryari iryayo kuva kera, aribo Nyarubira Nestor yaciye agurisha na Kavuyimbo Jean, Kavabuha Bernard, Ntiganawa Déo Bayizere Charles, Coyitungiye Emmanuel hamwe na Minani Agnès.

Abo bose umugwi ushinzwe gutatura amatati n'ayandi matungo hamwe no kunywanisha abaruti wamenyesheje ko amatongo arayabo, bayahawe na Komine, nayo akaba yari ayayo bwite, atari amanyagano nk'uko Nzirorera Alexi yabitwariye avuga.

Uyu Nzirorera rero akaba YAHEBUJWE kuri iri tongo.
N'ingingo zafashwe ni NTABANDUKA, kandi ntayungururizo zifise nk'uko ibwirizwa rigenga umurwi ribivuga, bikaba mbere vyashimangiwe na Pierre Claver Ndayicariye atwara CVR .

Amakuru yatanzwe n'abanyagihugu baho, avuga ko uyu yitwaye Nzirorera Alexi yoba yatsinda muri CNTB kuko yarafiseyo incuti yaza irakamufyondera.

Abo banyagihugu nyene batubwiye ko Nzirorera yoba yari igikoresho c'uwahoze atwara iyi komine yamwemereye ko niyaritsindira azoca arimugurira, mbere ngo akaba ari nawe yamuha n'uburyo bukenewe mukuburana.
Uyu Nzirorera kandi abanyagihugu bavuga ko yoba yarigeze no gukora muri komine, ama dosiye benayo yarayazi.

Photos from Burunga's post 04/05/2026

:Umurwi wasubije amazu yanyazwe mundyane za(1889-2008)..........................................
Kur'uyu wambere, igenekerezo rya 4 Rusama, umurwi ujejwe ukuri no kunywanisha abarundi CVR, washize mungiro ingingo wafashe zijanye n'amatati y'amatongo n'ayandi matungo.

Izo ngingo zahereye mugisagara ca Bujumbura, aho amazu 3 yanyazwe, n'itongo vyasubijwe abasirwa ba benevyo.

Muri Rohero, avenue Muramvya abasirwa ba Ncahoruri Léonard baserukiwe na Ndayizeye Laetitia bashikirijwe inzu isiga se, yanyazwe inyuma yo kumwica mu1972, ubu ikaba yarisanzwe ibamwo Talki Bashir, nawe akavuga ko yari yayiguriye Shiramba Dominique.
Mubwiza naho, inzu bashikirijwe abasirwa Rusuguru Pascal baserukiwe na Barutwznayo Jean Bosco, n'umuryango wa Haraganje Denis baserukiwe na Nzambimana Dieudonné

Muri Ngagara, inzu yasubijwe umuryango wa Mbonimpa Richard userukiwe Nahimana Jeanne Françoise bayisubizwa na Nzeyimana Godance.

Muri Gihosha, itongo ryanyazwe, ryasubijwe abasirwa ba Mpomere Jean, baserukiwe na Barampama Dieudonné barisubizwa n'umuryango wa Kanyarushatsi Jean, userukiwe na Kanyarushatsi Bruno. Izi ngingo kandi zikaba zigiye gushirizwa ni Gitega, Butanyerera na Buhumuza.
Pierre Claver Ndayicariye yongeye kumenyesha ko izi ngingo ari ntanduka, kandi atayungururizo zifise.

Yasavye kandi ko abana bamaze guca ubwengo bobaza abavyeyi inkomoko y'inzu canke y'ibindi batunze kugirango ntibazorwe mumporero kubera ukutamenya nkuko abubu bariko bangazwa muvyo batazi.

Photos from Burunga's post 30/04/2026

/4 mubiri mu cegeranyo c'ikoraniro kaminuza ry'umugambwe ni nkoramutima..........................................

Ishirahamwe muvyo rijejwe harimwo kurwanira agateka ka muntu rirashima 4 mubiri mucegeranyo c'ikoranira kaminuza ry'umugambwe uri kubutegetsi, kuko ari nkoramutima kugihugu.
Vianney Ndayisaba umuhuzabikorwa waryo, avuga ko bavyakiye neza , ariko iri shirahamwe naryo rikagira ico risaba:

1. GUKARIHIRIZA UBWENGE ABAPOLISI KUBIJANYE N'AKARANGAMUTIMA KABO
""""""""’"""""""""""""""""""""""'"""'"""""""""""""
Iyi ngingo ngo ni nziza cane kuko hari abapolisi benshi bari baribagiye iconbajejwe, aho inkoho bahawe ngo zikinge umutekano w'abanyagihugu arizo bagaruka kubicisha.
Atanga akarorero kumupolisi yishe umwana mu gihosha mugisagara ca Bujumbura, ngo nuko yanse kumwereka aho se ari amurase kuko yanse kumugurira urwarwa.
Mwaro, umupolisi yishe umunyagihugu ngo nuko yanse kumusomya,
Rumongo umunyagihugu yakubiswe gushika aho asandaba ngo nuko anyoye inzoga hataragera.

2. GUHANA ABABURABUZA ABARWIZATUNGA BAZANA IMITAHE MUKUBAKA IBITURIRE
""""""'"""""""""""""""""""""""'""""'
Muri ALUCHOTO ngo bafise ivyemezo vyishi vy'abarwizatunga bagowe kubera kwakwa ibiturire, mbere banyazwe n'ibibanza bashaka gukoreramwo.
Ndayisaba avuga ko yashimishijwe n'iyi ngingo arirwo rugamba ishirahamwe arongoye ryari rimazemwo imisi. Akizera ko akamo kiwe umugambwe wakumvise
Ariko agasaba kubanza kwirukana bamwe mubegereye umukuru w'igihugu kuko bari murubwo bubisha bwo kuburabuza abazana imitahe yabo.
Mbere ngo barananyegeza ama dosiye yabitura umukuru w'igihugu kuri benayo madosiye kugira ntamushikire.

3. ABIGISHA BAHEVYE AKAZI BASHAKA GUSUBIRIZWA
""'""""'""""""""""""""'"""'"""""'""""""""
Muri ALUCHOTO bati:"Gusubiriza ni vyiza bituma ivyirwa bibandanya, ariko ntandero yakanovera abavyeyi bokwitega kuko abagiye bari bafise uburambe n'ubumenyi mukwigisha.
Kuri Ndayisaba ati ahubwo bokemura ikibazo gituma bagenda arico c'imishahara mito. Reta ngo nibongere imîshahara hanyuma bagume kubuzi. Amahera nayo aho yova, ngo niborohereza abarwizatunga amakori yinjire kubwonshi mukigega ca Leta.

4. GUSHIRIZA IKIBIRIRAHO UTUNENGE MUGIHE C'AMATORA
"""""""""""'"""'"""""'"""""""""""""""""""'
N'iki cipfuzo c'umukuru w'igihugu ngo ni ciza cane. Kuvuga ibitariko bigenda neza umuntu abonye Mugihe c'amatora, bituma bikosorwa ningoga.
Ariko muri ALUCHOTO babona ko itegeko rigenga amatora naryo riza rivyugara.
Rivuga ko atamuntu numwe arekuriwe kugira ico ashikirije mumatora CENI ataco iravuga. Bagasaba ko n'iri tegeko ryoca rihindurwa kugirango ishaka ry'umukuru w'igihugu rije mungiro atantambamyi.

Want your business to be the top-listed Media Company in Ngagara?
Click here to claim your Sponsored Listing.

Telephone

Address

Avenue Patriçe Rumumba
Ngagara