Hugues ITEKA

Hugues ITEKA

Share

14/09/2023

Nuko rer' umuntu wese iy' ari muri Kristo, aba ar' icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha. Arikw ivyo vyose biva ku Mana, yatwiyujujeko kubga Kristo, ikaduha igikorwa co kugabura umwuzuzo, ni kwo kuvuga yukw Imana yari muri Kristo yiyuzuza n'abari mw isi, ntiyabaharurakw ibicumuro vyabo, kandi yatubikije ijambo ry'umwuzuzo.

2 Ab'i Korinto 5:17-19

14/09/2023

K*k' urukundo Imana yakunze abari mw isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w'ikinege, ng' umwizera wese ntaz' apfe rubi, arikw ahabge ubugingo budashira. K*kw Imana itatumye Umwana wayo gucira abari mw isi urubanza, ariko ngw abari mw isi bakizwe na we. Umwizeye ntazotsindwa n'urubanza, arik' utamwizeye aramaze gutsindwa, k*kw atizeye izina ry'Umwana w'Imana w'ikinege. Uku ni kwo gutsindwa, k*k' umuco waje mw isi, arikw abantu bagakunda umwiza kuruta umuco, k*kw ibikorwa vyabo ari bibi.

Yohana 3:16-19

14/09/2023

Ikintu cose cashingiwe igihe caco, kand' igikorwa cose musi y'ijuru gifise akanya kaco: har' igihe co kuvuka n'igihe co gupfa; igihe co gutera n'igihe co kurandura ivyatewe; igihe co kwica n'igihe co gukiza; igihe co gusambura n'igihe co kwubaka

Umusiguzi 3:1-3

25/08/2023

Uhoraho ni we mwungere wanje, sinzokena. Amvyagiza mu canya c'ubgatsi butotahaye: Andongorera i ruhande y'amazi adasuma: Aremesha umutima wanje. Anyobora mu nzira zo kugororoka kubg' izina ryiwe. Untegurira ameza mu maso y'abansi banje; Wansize amavuta mu mutwe; igikombe canje kirasesekaye. N'ukuri ivyiza n'imbabazi bizonyomako imisi yose y'ukubaho kwanje, Nanje nzoba mu ngoro y'Uhoraho ibihe vyose.

Zaburi 23:1-3, 5-6

Want your school to be the top-listed School/college in Kanyosha?
Click here to claim your Sponsored Listing.

Website

Address

Avenue De L'OUA
Kanyosha